kirundi_entertainment

Butaraca kabiri Cedrick Bangy ngo ntiyemera ivyavuye mu matora

Amasezerano yabaye hagati y’uwaserukiye ubushikiranganji bw’imicokama hamwe, Romeo Ininahazwe ,na Cedrick Bangy igihe hari hadutse impari zo kutumva kumwe uko amatora atunganijwe vyose vyasabwa na Cedrick Bangy.

Ni kuri iyo mvo igenekerezo ry’amatora ryaciye ryegezwa inyuma
kugira hatuganywe ivyorohereza bose.
Igenekerezo ry’amatora ririgizwayo riba igenekerezo rya 06 Ruhuhuma 2022.

Ni muri ayo matora nyene isango rigeze nawe yari y’ishikiye mu kibanza yateguriwemwo
imbere yuko amatora atangura barabajije abitoza bose ati: <<mbega mwese muremera ko muza gushima ibiva mu matora n’ingene atunganijwe.>>Cedrick Bangy ubwiwe yishuye agira nti:< Iyo mba ntabishimye Simba nicaye kuri iyi ntebe.>

Integuro y’amatora yarabandanije ku bantu 81 Bright atsinda kumanota 52
Kimana Edith aronka 24
cedrick Bangy aronka 5.

Amatora arangiye mw’ijambo Cedrick yashikirije yavuze ko ashigikiye Bright ndetse aranamuhobera amukeza kuntsinzi yiwe agirako aranakeza Romeo Ininahazwe kwari Umugabo yatunganije neza amatora.

Butaranaca yaciye yandika kurubuga rwiwe rwa Facebook ko amatora harimwo ubusuma Bright yari yaratunganije abantu biwe bazomutora.

Ivyo bikaba ari bimwe bibandanya bitera impari hirya no hino bamwe ngo kuberiki atabivugiye harya? abandi ngo ntamugabo yihindukiza mw’ijambo niyemere yararushijwe kurugero rwohejuru

Tubibutse ko uwatowe agiye kurongora Ishirahamwe ry’abaririmvyi( AMB) imyaka itanu imbere yuko haba ayandi matora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037