IKIRUNDI_news

Bwa bukwe bwa Yvan Muziki na Marina ngo n’indirimbo

Ya mashusho atandukanye yakwirakwijwe hirya no hino ya Yvan Muziki na Marina biboneka ko umengo bari mu bukwe, ngo s’abukwe bwiwe nkuko amakuru ava I Kigali abishikiriza. 

Ayo mashusho nkuko amakuru dukesha ikiganiro Now Now y’ikinyamakuru Yago Tv show, ngo ay’azoboneka mu ndirimbo ya Yvan Muziki yakoranye na Masamba ari nawe inarume. Ayo makuru kandi akaba anavuga ko iyo ndirimbo ari Urugo ruhire abantu benshi bamenye yasubiwemwo.

Ico kiganiro kandi kikaba cumvikanye kivuga ko uwo muririmvyi w’umurundi akaba anafise n’ubwenegihugu bw’urwanda kubera umwe mu bavyeyi biwe, ngo ari I Kigali kubera itegurwa ry’indirimbo zitari nke ziri muri EP yiwe izoshirwa ahabona mu misi ya iza. Muri izo ndirimbo hakaba ngo harimwo n’indirimbo bazokorana n’umuririmvyikazi Marina binavugwa ko ari umukunzi wiwe muri kino gihe.

Ivyavuzwe rero ko ari urukundo kandi nabo bakanavyemeza ku mbuga ngurukanabumenyi bakoresha ngo sivyo na gato nkuko umumenyeshamakuru w’ico kiganiro yabandanije abikoresha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037