EntertainmenthomepageUncategorized

Ca Kibazo ca Big Fizzo na DJ Paulin cahinduriwe inzira

Big Fizzo ngo akaramuka adasavye ikigongwe abarundi, kubera ivyo aheruka gushikiriza ko ata murundi w’umudimudimu ahari, Kandi ko yatanguje intambara n’abo benshi bakunze kwita abadimudimu, ngo ashobora guhamagarwa imbere ya sebarundi akabisigura neza.

 

Ya majambo Big Fizzo yavuga agamije gushikiriza Ubutumwa DJ Paulin bwa bundi ntiyafashwe kumwe, kuko abana bavuka ku muvyeyi umwe w’umunyamahanga hano iwacu, bavuze ko ayo majambo yavuze ari amajambo y’agacamutwe.
Issa Niyongere arongoye ishirahamwe ry’ama Metis mu Burundi mu kiganiro Open Mic, yavuze ko bateye ivyatsi irya mvugo ya Mugani Desire, kuko ngo ntiyarakwiye gufatira abantu mu kivunga, ahubwo ngo niba bafitanye ikibazo na DJ Paulin ngo bari kugiheza nawe ukwabo.
Nayo ku coba catumye uwo muririmvyi avuga arya majambo, Issa yavuze ko atazi icabimutumye, ariko ngo yibaza ko bishobora kuba ari ukutamenya, kuko yashikirije ibinyuranye n’ivyanditswe mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ku ngingo yaryo ya 12, aho riha uburenganzira umwana wese avutse ku muvyeyi umwe w’umurundi, kuba Umurundi nawe.
Uwo mwihwezo w’ukutamenya ibiri mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, bishobora kuba arivyo vyatumye avuga ayamuhe mu giteramo aheruka gukora, iheruka kandi gunashikirizwa na Idriss Simbizi mu kiganiro yahaye Umukubito.
Niyongere ntiyagarukiye ngaho kuko yanavuze ko Big Fizzo akwiye gusaba ikigongwe apana aba Metis gusa, ahubwo asabe ikigongwe abarundi bose. Aramutse adashimye gusaba ikigongwe ngo bashobora kwitura Se barundi ngo amuhanure, kuko umwana anyereye badashoka bahana, ahubwo bahanura.
Nayo inzira yocishamwo mu gusaba ikigongwe, Big Fizzo ngo n’ubwo atotegura igiteramo nkuko yabikoze abivuga, ahubwo akagira ikiganiro asaba imbabazi.
Iyo mpanuro yo gusaba imbabazi, akaba aheruka no kuyihabwa na B Face aho yamusavye kuraba agatanga akarorero keza ku bandi baririmvyi akuriye. Kandi ngo anerekane ko ari Ibisanzwe, kunyerera. Kanatsinda ngo iyo mpanuro nyene yo gusamba imbabazi yarayihaye Drama T Kandi nawe yarabashije kuyikurikiza naho kubwa DJ Paulin na Simbizi babona ata kosa yari yakoze.
Ubu rero akaba ataco arabasha gushikiriza kuri ico kibazo biboneka ko afitanye n’ishirahamwe ry’abarundi bavutse Ku ba nyamahanga bakunze kwita abadimudimu canke aba Metis mu gifaransa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 735