BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Cypro Light arahakana amasanamu y’umwigeme ari gusa yagirizwa

Naho ata vyemezo bafise, abatari bake bagiizaCypro Light kuriha umwigeme yabonetse atamba indirimbo yiwe ari gusa, kumuha amafaranga ngo abikore.

Mu gihe hari hagize igihe hariko hakwirakwizwa hirya no hino amashusho y’umwigeme ariko atamba indirimbo nshasha ya Cypro Light, uwo akaboneka yambaye ubusa, bamwe bahavuye bavuga ko uwo mwigeme yoba yahawe amafaranga n’uwo muririmvyi ngo bikunde ayitambe.

Uwo muririmvyi akaba yahavuye afata ijambo ku rubuga rwiwe rwa Facebook avuga kuri iyo video iriko irakwirakwizwa hirya no hino. Uwo muririmvyi yatanze umuco avuga ko umuntu aravye neza uwo mwigeme ngo ntiyariko atamba indirimbo yiwe, ahubwo ngo n’abashaka kumukorera inteba ishushe.

Cypro akaba abivuze mu gihe hari abaririmvyi baheruka guhagarikwa n’abajejwe umutekano bagirizwa gukoresha abigeme bambaye ubusa ku ma cover y’indirimbo zabo.

Ivyo kandi bishitse mu gihe uwo muririmvyi yaheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha yise “Why Me” , ako kakaba kashiriwe ahabona amasanamu y’abaiko baratamba. Gushika ubu kakaba kaboneka ku rubuga rwa Youtube rwiwe asanzwe akoresha guhera mu mwaka wa 2016.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760