Abo basanzwe bakorera amakinga kw’isoko nkuru ya Cankuzo bashikiriza ko batoroherwa mu gukora umwuga w’abo kuko iyo izuba ritamena imbwa agahanga, haraho harwa imvura ibituma ibikorwa vyabo bihungabana .
Mu gihe bashima ko umurwa mukuru w’iyo ntara ugiye kuba umurwa mukuru w’intara nshasha ya #Buhumuza kuva mu mwaka wa 2025,abo bakora ako kazi basaba kwubakirwa ubwugamo bw’aho bakorera. Babona ko amwe mu makori bariha yarakwiye gukoreshwa kugira bakore borohewe.
Abajejwe intwaro muri iyo ntara baremeza ko uyo mwitwarariko wabo ufise ishingiro. bakavuga ko bagiye kwicara hamwe barabe ikibereye ku rwego rwa komine .
#Burundi
#RadioIndundiCulture
#Societé



















