Bamwe mubakenyezi bo mugisagara ca Gitega bavuga ko bamaze gutahura akamaro ko gutandukanya imvyaro , canke kuvyara abana bake bakoresheje uburyo butandukanye butangwa kwa muganga.
Nico kimwe kandi na bamwe mubagabo , bavuga ko nabo bamaze kwijukira uburyo bwo gutandukanya imvyaro bakoresheje ubwo uburyo.
N’ubwo biri uko, gushika ubu haracari ibivugwa nk’ingaruka mbi kumagara y’abakoresheje ubwo buhinga,ivyoba biri mubituma hari bamwe mubanyagihugu batabukoresha.
Ubushikiranagnji bujejwe amagara y’abantu bwerekana ko kuva mu mwakwa wa 2012 gushika muri 2022, urugero rw’abarundi bakoresha uburyo bwo gutandukanaya imvyaro rwavuye ku bice 25,3 kwijana ruja kubice 35,8 urugero ariko ubushikiranganji buvuga ko rukiri hasi. Zimwe mumvo,zikaba ari ukutagira amakuru ahagije kw’ikoreshwa ry’ubwo buryo hamwe n’intamabmyi zifatiye kuri imwe mu mico n’imigenzo.
#Burundi
#RadioIndundiCulture
#Santé



















