homepagesociete

Cankuzo: Abanyagihugu basaba kuronswa amazi meza ku mutumba Mburi

Haribonekeza ubukene bw’amazi meza ku mutumba wa Mburi komine Gisagara intara ya Cankuzo ahasanzwe hari isoko ku mupaka uhuriramwo abarundi n’abatanzaniya. Abo banyagihugu basaba ko amabombo 4 asanzwe ari muri ico gice yokwongerezwa hanyuma amazi meza akaboneka, kandi umwanya wose. Abajejwe intwaro baremeza uwo mwitwarariko, bakavuga ko ikibazo bamaze kugishikana imbere.

Ubwo bukene bw’amazi bwibonekeza ku mutumba wa Mburi kw’isoko rya Gasenyi muri komine Gisagara y’intara ya Cankuzo, ababa ngaho n’abasanzwe bakorera ngaho babisigura bafatiye ku kuntu iryo soko riri ku rubibe rwa Tanzaniya, ahasanzwe hari abimukira benshi bava mu ntara nka zose zigize igihugu.

Mu gihe ako gasagara kagizwe n’amabombo agera kuri 4 gusa nayo nyene atamazi azamwo, abahaba babona ko vyoba vyiza hongerejwe amabombo, hanyuma amazi akaboneka umwanya wose.

Kubera ubukene bw’amazi bwibonekeza muri ico gice n’ubwinshi bw’abahaba, abanyonga amakinga bahitamwo kubigira urudandazwa maze bakaja kuyavoma, bakongera bakagurisha ku mabido y’amaritiro 20.

Abajejwe intwaro baremeza ko ikibazo c’ubukene bw’amazi meza kihari. Umukuru w’umutumba wa Mburi Ntuntu Mwajuma, yemeza ko hari amabombo menshi atakizana amazi, bivuye ku kigega c’amazi kiri aho ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya kitakizana amazi. Ni mu gihe baba abarundi canke abatanzaniya barema ako gasoko ko ku Ruhande rw’UBurundi kitiriwe “Muungano”, bakenera amazi ariko hakaba ata bombo na rimwe riharangwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672