East Africa NewshomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Chameleon ngo urupfu rwiwe ruzokwinjiza amafaranga y’umurengera

Urupfu rwa Dr Jose Chameleon ngo ruzokwinjiza amafaranga atari make, ivyo nivyo uwo muririmvyi yizeye ari naco gituma yamaze gutangura gutegura uburyo azofubwa.

Mu kiganira aheruka guha ikinyamakuru NBS co muri Tanzania, uwo muririmvyi w’inararibonye yamenyesheje ko yemera ko umusi azokwitaba Imana abantu batari bake bava mu bihugu bitari bike bazokenera kubona uburyo ifubwa ryiwe ririko riragenda.

Muri iyo ntumbero yo gutegura ifubwa ryiwe, uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko yipfuza ko umusi yavuyemwo impwemu, ngo azohambwe mw’isandugu y’ikiyo.

Yagize ati : “Nshaka nzobe ndi mw’isandugu y’ibiyo, kugira buri muntu azombone kubera abantu benshi bazokurikirana ifubwa ryanje bavuye mu bihugu bitandukanye.”

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 688