IKIRUNDI_news

#Chany_Queen agacerere yigije hirya|indwi ntihera adatanze gishasha

Gitare Chanelle Monia benshi bazi kw’izina rya chany Queen agacerere yahoramwo ntikari gasanzwe ivyatera ibibazo benshi.

Mu misi iheze indundi magazine yaramubajije ibimutuma asa nkuko umengo umuziki yawuhagaritse, Chany akaba yishuye
agira ati:”si ukuvuga ko ndi mu gacerere ahubwo ubu nsigaye ndi mu ma reresi cane ariko umuziki sindota mpagarika.”

Ni kuriyo nyishu yaduhaye yatumye natwe tumutega amaso turabe ryari azoheza aduhe bishasha.

Isango twamenyeshejwe ni uko dutanguye ukwezi kwa mukakaro mu ntango indirimbo yiwe izoba yagiye kumugaragaro,
ikaba yakorewe muri Bantu Bwoy
Nayo umuririmvyi yamufashije (feat…)akaba atarashima kumuvuga mw’izina

Iyo ndirimbo ikaba irindiranywe i gishika n’abantu benshi bari barahebuye ko atakibarizwa mu muziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036