AthletismeCooperationhomepagekirundi

Charles Nkazamyampi na U.E umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe amahoro bawuhimbarije i Bugabira

Mu ntumbero yo gushigikira urwaruka mu mpano zarwo Fondation Charles Nkazamyampi ifadikanije n’ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa  Buraya mu Burundi (E.U) batoye ko bohimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe Amahoro mu ntara ya Kirundo muri komine Bugabira .

Uwo musi mukuru bakaba bawuhimbaje kuri uwu wa 23 Nyakanga 2022 ku civugo “Kw’inonora imitsi, inkingi y’Amahoro”.

Ivyo birori bikaba vyatangujwe n’idéfilé igizwe n’abanonotsi ,abanyakaranga, abakenyezi baho i Bugabira kumwe n’abavuzi b’ingoma, bikurikirwa n’ihiganwa nyezina ryo kwinonora imitsi mu gusiganwa ku birometero 6, iryo higanwa rikaba ryitabiriwe kandi n’abari baserukiye ubumwe bwa Buraya.

Charles Nkazamyampi akamenyesha ko bashize hamwe mu gutsimbataza amahoro arama.

Mwomenya ko Charles Nkazamyampi atari irya mbere atunganya ivyo birori bikaba bimaze gutunganywa mu ntara zitari nke z’igihugu aho biboneka ko urwaruka rubihurumbira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 762