homepage

Charly na Nina baravuga aho Big Fizzo yabakuye

Charly na Nina bavuga ko Big Fizzo atazi kugusiga amavuta mu gihe usa nabi, ariko ngo akubwiza ukuri ikosa uba wakoze naho aba azi ko bitaza kukuryohera.

Big Fizzo ngo ibintu vyiwe vyose biratumbere, ivyo n’ivyashikirijwe n’umurwi Charly na Nina w’i Kigali aho wabazwa ivy’uwo muririmvyi w’igihangange i Kigali.

Big Fizzo ngo niwe yatoye umwe mu bagize uwo murwi aho yari muri karaoke noneho ngo amwereka Manager Muyoboke, kuko yabonye azi kuririmba.

Inyuma y’ukumweka ubushobozi bw’umwe muribo, ngo niho hatangura ibiganiro hagati yabo vyahavuye bivamwo ubucuti bukomeye.

Abo baririmvyikazi bavuga ko Big Fizzo atazi gucisha hirya no hino, ngo akubwira ibintu bitumbere naho aba azi ko mu nyuma ibintu bishobora kutagenda neza.

Babajijwe ubucuti bwabo na Big Fizzo aho bwari bwatanguriye, bavuga ko uwo muririmvyi yahora aja aho umwe muribo yakorera karaoke i Kigali, kuri Hotel Mille Colline.

Big Fizzo akaba ariwe yanatumye abantu batari bake babamenya, igihe bakoranye akaririmbo Indoro yatumye bamenyekana cane i Kigali co kimwe n’i Bujumbura, noneho bibugururira imiryango y’ugukora ibindi vyiza gusumba.

Mwomenya ko Charly na Nina na Muyoboke batagikorana, ahubwo ubu abo bigeme basigaye bimenya, nayo uwo Muyoboke asigaye afise uwundi muririmvyikazi w’umunyarwandakazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686