Entertainmenthomepage

Christian Ninteretse n’Intatana nabo bamaze gushirwa mu bazoba bari muri Heart of Africa Concert ya Club Intwari

Ca Giteramo c’umugwi ndangakaranga Intwari, w’abarundi ukorera i Kigali, kizonabonekamwo abandi baririmvyi b’abarundi n’abo basanzwe ari ba rutumwako muri ico gihugu, hamwe n’abavuye mu gihugu c’Uburundi.

Mu misi iheze twari twababwiye ibijanye n’igiteramo Kiriko gitegurwa I Kigali n’umugwi ndangakaranga w’abarundi, ariko watangujwe n’aba nyarwanda babaye hano iwacu, ubu naho habonetse bishasha muvy’ico giteramo.

Amakuru mashasha nuko hari abandi barundi bashizwe mu gitigiri c’abazoboneka muri ico giteramo kizoba mu kwezi kw’7 igenekerezo rya 21.
Nkuko twabashije kubibona, abaririmvyi Christian Ninteretse Ari mu batwaye rya Higanwa Primusic, akaba azoba Ari mu gitigiri c’abazoseruka muri ico giteramo, kizobera mu gace kitwa Niboye, Kari muri karere ka Kicukiro I Kigali.
Uwundi mugwi uzohaboneka, akaba ari umugwi ndangakaranga Intatana, wa hano iwacu, uzobasha kurungika abawuserukira muri ico giteramo.
Nkuko twari twabishikirije mu misi iheze, uwo mugwi ndangakaranga Intwari, ukaba utashimye kuzoba uri wonyene, ahubwo ushima gutumira uwundi mugwi ndangakaranga w’aba nyarwanda witwa IGANZE GAKONDO, kugira bafatanye, kuko kanatsinda basanzwe bafitanye ubucuti bwiza.
Icivugo c’ico giteramo nkuko vyashikirijwe na Omer Nzoyisaba asanzwe arongoye umugwi uriko urategura igiteramo, ni Heart Of Africa.
Ico civugo bakaba bagitoye kuko bizwi ko Uburundi ari Umutima w’ Afrika, ariko Kandi kuko bipfuza kuvuga n’uguhayagiza Uburundi biciye mu mvyino n’intambo nkuko vyakorwa aho hambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707