Entertainmenthomepage

Big Fizzo ngo yaramaze kwishikira i Bujumbura

Hakirindiriwe kumenya abandi baririmvyi bazoboneka muri Festival de l’independance itegurwa na Bantu Bwoy, Big Fizzo yaragize imisi abarizwa ku mugabane w’uburayi, yamaze kugaruka I Bujumbura, aho abafana batari bake bamuhaye ikaze.

Big Fizzo yaramaze Kabiri ku mugabane w’uburayi, ngo yamaze gushika mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo Mugabo akaba yabonetse ku rubuga rwa Facebook rw’umwe muba Promoter bamukunda cane ariwe Yassin, aho yabwiye abafana ko Ngangari yamaze gusesekara I Bujumbura.
Uyu Mugabo yahawe ikaze n’abafana batari bake, aho bamwe bamwe banatanguye gutomboza ikibanza yararimwo hamwe n’ico yaragiye gukora.

Big Fizzo agarutse mu gisagara mu gihe hasigaye imisi iharurwa ku ntoke ngo habe isabukuru itegurwa na Bantu Bwoy ubwabo.

Iyo sabukuru yitiriwe Festival de l’independance, ikaba rizobera mu ntara 3, ku magenekerezo atandukanye. Intara zikazoba ari Bujumbura, Ngozi na Gitega.

Mu gihe muri edition 2 ziheruka hahora hageze ayo magenekerezo hamaze kumenyekana abaririmvyi batari bake bazoboneka muri iryo sabukuru, gushika ubu hamaze kumenyekana abari ku rushi.

Mu gitigiri c’abaririmvyi 5 bamaze kumenyekana ko bazoba bari muri iryo sabukuru ry’ukwikukira, abaririmvyi 4 nibo bazwi ku mugaragaro ko basanzwe bakorana vya hafi cane na Bantu Bwoy.
Abo nabo ni Big Fizzo, Cherine, Elly’s Boy na Musamariya. Ubu rero tukaba vy’ukuri tutaramenya icoba cabaye ngo abandi ntibabe barashirwa ahabona.
Gushika ubu akaba ata muririmvyi n’umwe mu bahoze muri Bantu Bwoy arabasha kuboneka muri iyo sabukuru itegurwa na Bantu Bwoy.
Mu mwaka uheze, hakaba hari hibajijwe icoba catumye abasore Kirikou na Double Jay bataboneka. Big Fizzo akaba mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru bari bashikirije ko batazohaboneka kuko babarondeye bakababura.
Iyo sabukuru ikaba uko imyaka igenda, igenda rikura, kuko yahereye I Bujumbura gusa, umwaka wa 2,yongeramwo n’intara ya Rumonge, ubu naho rikoreye mu ntara 3.

Mu kiganiro co mu mwaka uheze, Big Fizzo akaba yamenyesheje ko vy’ukuri iyo sabukuru ata bariko barabafata mu mugongo, ahubwo ngo bariko barabikora bonyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706