IKIRUNDI_news

Christiana Laly Gomez yoba yakubiswe Moya Mbili na Yaga Burundi?

Abafise ingabire ntibicara, bamwe mu bari muri A nous la Maison ya Christiana Laly Gomez, yahagaze haraheze igihe kitari gito kandi yari yakunzwe na benshi, bahawe ikaze muri ʺAba Niga 2 n’1 bebiʺ ya YAGA BURUNDI.  

Iyo Film Nshasha yabonetse hano iwacu ku rubuga rwa Youtube, ikaba ibonekamwo abakinyi 3, Alvin Smith, Audry hamwe na Mow Kanzie.

Babiri muri abo 3 babonetse muri iryo reresi bakaba barigeze kuboneka mu yindi yahagaze itarasubira kuboneka, ikaba yari iya Christiana Laly Gomez yitwa A Nous la Maison aho bari abana bavukana babana mu nzu bonyene kuko abavyeyi batari bahari.

Ariko muri bike twabashije kubona, abo bakinyi bariko bakina muri iyi ya Yaga Burundi bakaba batavukana, ahubwo babana mu nzu imwe, bishoboka ko ahubwo bakuranye, n’ukwiga hamwe bakaba bashobora kuba bize hamwe.

Mu butumwa bwabonetse muri Episode ya 1 yasohotse uno musi bakaba bagarutse ku bibazo umukobwa ari mu butinyanka agira, mu gihe abana n’abadatahura ibihe aba arimwo, ikibazo YAGA yarigize igihe iriko iravugako cane ku mbuga zitandukanye basanzwe bakoresha, yaba Facebook, ku rubuga yaga-burundi.com na Instagram yabo.

None iryo reresi rizoba rihagaze ku butumwa ubuhe? Biracagoye kuvuga na rirya ikiri iya mbere, kandi baba abakinyi co kimwe na Yaga akaba ata numwe aragira vyinshi ayivugako.

Mwomenya ko ivyo bihuriranye n’uko Alvin yari amaze imisi adashira ahabona ireresi n’imwe kuri Youtube yiwe, co kimwe na Audry nawe ataraherutse kuboneka muma reresi y’ugutwenza akinwa agasohokera kuri Youtube, nayo Monna We akaba ata reresi n’imwe yari bwabonekemwo isohokera kuri izo mbugahwaniro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037