Environnementhomepagesecurity

Cibitoke : Imbeba zo mw’ishamba zirarembeje imirima i Mugina

Abarimyi bo muri komine Mugina mu ntara ya Cibitoke baratewe impungenge n’imbeba zirya imirima yabo  bagasaba ko zotuzwa.

Abarimyi baho bavuga ko uko iminsi ija irahera ari ko imbeba zisasika imirima. Iyibangamiwe kurusha iyindi ni iy’ibigori.

Bamwe bamenyesha ko bariko barabura ingene bozirwanya kuko atawundi muti baramenya atari kubwirizwa gushira umunyota impande y’umutumba w’ikigori, kuzitega n’umuti bita sumu ya panya n’ubumashu, mu gihe abandi bemeza ko zitareka kubizuragura.

Abo barimyi bashikiriza ko izo mbeba zinjira no mu mazu y’abantu zihiga ivyo zirya, bakibaza ko zibangamira imirima kubera umwimbu zahora zirya mu mazu y’abantu wagabanutse zica zija zirirara mu mirima.

Ubu batinya ko hamwe atacokorwa ngo zituzwe, hashobora kwaduka inzara kuko n’imirima ibagaye itagiramwo ishamba zitayitinya.

Ubuyobozi bwa komine buremeza ko ivyo bikoko vyo mw’ishamba biriko birasubiza inyuma iterambere ry’imiryango n’irya komine kuko ibigori bishobora kubura gushika aho bisigara bija kuronderwa muyandi makomine.

Komine Mugina isaba ko ubushikiranganji bujejwe uburimyi bwotunganya icigwa cokwerekana ibituma izo mbeba n’ingene zorwanywa mu gihe ubuyobozi bujejwe uburimyi muri iyo ntara buhamagarira abarimyi kwama babagara imirima hamwe no gukomeza kuzitega kuko ibintu biriko biramara igihe biri uko.

Inkuru yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686