Entertainmenthomepage

Club Intwari bagiye gukorera igiteramo I Kigali

Umugwi ndangakaranga w’abarundi ukorera I Kigali witwa Intwari, ugiye gukora igiteramo, aho bazoba bagamije kuvuga igihugu cacu bacishije mu mvyino n’intambo, ndetse bakazoba ataribo bonyene.

 

Umugwi ndangakaranga ubarizwamwo abarundi batari bake bakorera ku gihugu kibanyi c’Urwanda, mu kwezi Kuza buca bakora igiteramo I Kigali nyene.
Nkuko amakuru dukesha Omer Nzoyisaba aramutswa uwo umugwi uriko urategura ico giteramo, ngo intumbero y’ico giteramo n’ukuvuga Uburundi, babicishije mu mvyino n’intambo nkuko abaho hambere bari basanzwe babikora.
Ico giteramo gitegekanijwe Kw’igenekerezo rya 21/7, mu gace kitwa Niboye I Kigali, kikaba cahawe izina rya Heart of Africa, kuko ngo igihugu cacu ariwo Mutima wa Afrika.

Muri ico giteramo uwo mugwi ndangakaranga watangujwe n’abanyarwanda babaye hano iwacu, ariko mu nyuma ukaza kwinjirwamwo n’abarundi bari basuhukiye mu Rwanda mu myaka iheze, ukaba utazotamba wirorera, kuko umugwi Iganze Gakondo w’abanyarwanda uzohaseruka.
Twabajije nimba hari abo bazotumira bavuye I Burundi, Omer yatumenyesheje ko bazoserukira Uburundi neza mu masaha 2 y’igiteramo ateguwe.
Uwo mugwi ukaba umaze guserukira Uburundi mu mahanga ahatari hake, eka mbere n’i Kigali ukaba usigaye uri rutumwako mu bikorwa bitandukanye bikenerwamwo umugwi ndangakaranga w’abarundi.

Muri ico giteramo ukwinjira akazoba ari 5000frw arenga Gato 15,000 fbu ahasanzwe n’10,000 frw arenga gato 30,000 fbu mu bwogamo bw’iteka, hamwe n’15,000 frw arenga Gato 45,000 fbu itike ishigikira uwo mugwi.
Mukamenya ko hari n’iyindi migwi ndangakaranga y’abarundi ikorera I Kigali, eka mbere n’abaririmvyi batandukanye basanzwe bakora Karaoke, Kandi bakunzwe cane muri ico gihugu kibanyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722