IKIRUNDI_news

Coba ari igiki cinyegeje mu bivurwa hagati ya Wiz Design na Mow Kanzie?

Abarundi barayamaze ngo uwutazi ubwenge ashima rwiwe, ikiriko kiraba hagati ya Mow Kanzie na Wiz Designer kiracagoye gutora neza, kuko muri ino misi ivy’abaririmvyi bisigaye bigoye, ushobora gusanga ivyo mwariko mwibaza ko biriko biraba atarivyo na gato.

Inyuma y’imisi asa n’uwingiga asaba urukundo, abatari bake babona ko Mow kanzie yoba yuguruye imiryango, none basigaye bari mu rukundo, kandi bahisemwo kurishira ahabona. Ivyo abo bakaba babovuga bisunze ko uwo muririmvyikazi, Mow Kanzie, yabonetse mu mashusho arikumwe n’uwo musore Wiz Designer.

Ariko naho biruko ibibazo biracari vyose, impamvu Mow yoba yemeye gusubira gushira ahabona umukunzi wiwe mu gihe yasa n’uwabisezereye, ariko kandi tukibuka ko yaheruka kuvuga ko ari mu rukundo ivyo abwiwe ngo arivyo akora ata guhigimanga kubayemwo.

Ikindi kibazo cibazwa ni nimba batoba bariko bategura akaririmbo bazokorana, noneho kugira bikunde kazorabwe cane bagaca bategura akantu kuko boba bari mu rukundo. Ivyo bikaba bishoboka kuko nimba mwibuka neza, abaririmvyi bo mu runganwe rushasha baheruka kwemeza ko ata nkeka bazokorana hagati yabo kugira baduge cane kuko abakuru babo ngo banse kubashigikira.

Mwomenya ariko kandi ko mu rugendo rw’ukurondera umukunzi mushasha wa Kanzie, harimwo n’uwundi yasa n’uwuri mw’ihiganwa ariko ari kure, uwo nawe s’uyundi ni Ado Josan aho yaheruka gusabwa n’abakunzi biwe ko aja mu rukundo na Mow Kanzie, ivyo uwo mwigeme atemeje canke ngo ahakane.

None vyukuri hariko hategurwa iki? Ubugeni bwa Monna ko yavuze ko ariko akora ibishoboka vyose ngo yiyumvemwo gushinga urugo? Indirimbo Hagati ya Wiz na Kanzie? Uwuzi ayo makuru aduhe umuco.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036