IKIRUNDI_news

Come and See igiye gutuma batoroherwa abari bafukamye munda abaririmvyi bamwe bamwe

Abatari bake baba abaririmvyi n’abakurikiranira hafi umuziki ndundi bagize igihe kitari gito bidogera abantu bafise imbuga ngurukanabumenyi zisanzwe zishirako indirimbo yose ku mbuga nka Facebook, ivyo bigaca bituma umuririmvyi ataco aheza ngo anobe muvyo aba yarabiriye akuya.

Mu gihe abandi bahora bidoga gusa, uwundi we nto ntagiye kubivugisha umunwa gusa, kuko ngo agiye kubishiramwo inguvu bikomeye mbere n’amategeko ajemwo. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Manager wa Esther Nish abicishije ku rubuga rwa Facebook asanzwe akoresha.

Guhera indirimbo, Come and See Africa, ishirwa ahabona, uwo mutware akaba yabandanije gukebura abantu bariko bazishira ku mbuga za facebook iyo ndirimbo yose ko boraba bakayikurako, imbere yaho akaba yari yaranakebuye abandi ababwira ko vyoba vyiza izo ndirimbo zishizweko uduce gutyo umuntu agashirako  na Link.

Uno musi uwo mutware wa Bukiv yahavuye akaza, aho yahaye gasopo imwe muri izo Facebook Page ikoresha n’abantu bar I muri Africa y’epfo. Aho yababwiye ko bategerezwa gukurako indirimbo Come and See yashizwe kuri urwo rubuga igenekerezo rya 17/4 isaha imwe y’ejoro, nukuvuga isaha imwe gusa ishizwe ahabona. Gushika ubu kuri iyo Facebook ikaba imaze kurabwa kuri urwo rubuga n’abarenga 12,400, n’ama Like 3900, nayo kuri Youtube ya Esther Nish ikaba imaze kurabwa incuro 10,000 n’ama Like 1,600.

Dj Jackson kuri urwo rubuga rwa Facebook yavuze ko ari nka hamwe ataco bakoze,ngo azoca akoresha ivy’amategeko noneho.  Ivyo akaba yabishikirije biherekejwe na Screenshoot y’ubutumwa yari yabarundikiye aho yabasaba gukurako iyo ndirimbo.

Yagize ati : “Burundi in South Africa gushika 18:00 mutarabikora. Duce dukina umukino w’amategeko turabe ikivamwo. ”

Mwomenya ko hari indirimbo bidakunda ko ushira kuri Facebook kuko urwo rubuga ruca rukata ijwi ryayo kuko uba udafitiye uburenganzira igikorwa co gushirako izo ndirimbo. Bikaba arico gishobora guca gikorwa n’uwo mutware asanzwe akorana na CD Babby mu kuvyaza umusarura indirimbo nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwa Youtube rwa Esther Nish.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037