IKIRUNDI_news

Comedy za Mutima zuzuyemwo ubwenge n’ubushingantahe

Amaze igihe kitari gito ateramisha abatumire b’Umukuru w’igihu, kandi koko niko Mutima le Comedien aratwenza, ariko ukurikiranye neza uko atwenza birimwo inyigisho.

 

Mu gatondo ko kuri uwu wa 03 Ruhuhuma Mutima le Comedien na team yiwe baraye ntibuca kuko Isango yo guteramana n’umukuru w’igihugu ari kumwe na ba rwiyemeza mirimo b’Urwaruka yari yaheze.

Afashe ijambo Mutima le Comedien ntiyatwengeje abaraho gusa ahubwo yatakambiye nyene icubahiro KO yobagasha agatezururira abanyabihinga n’Ubumenyi bagasubira mu biteramo, vyari vyahagaritswe na ca kiza Corona.

Mutima akaba yatangaje benshi kuri iryo Jambo mbere abenshi bakaba barushirijeho gukunda ibikorwa vyiwe.

Uruganda rwa Indundi TV rukaba rubahaye ikaze kuri urwo rubuga rw’ibikorwa vyiwe.

Mutima le Comedien akaba ari umwe mu bahinga batunzwe n’umwuga wo gutwenza, amazina yiwe akaba yitwa Minani Fleury, nayo ibikorwa n’amayeka yiwe bikaba bibarizwa kuri Indundi TV .

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036