homepage

Congo, Urwanda, Tanzania na Kenya basavye abenegihugu kwambara udufukamunwa basohotse

Congo, Urwanda, na Tanzania biyongereye kuri Kenya mu kumenyesha abenegihugu babo ko abantu bose bakwiye kwambara udufukamunwa imbere yuko bava mu mazu yabo. Ivyo bikaba vyabonetse mu matangazo yashizwe ahabona muri ino ndwi ya 3 y’ukwezi kwa 4.

Ivyo bikaba biriko bishikirizwa kugira barabe ko ico kiza kitobandanya gikwirakwira hirya no hino. Aho ni mu gihe bimwe muri ivyo bihugu abenegihugu basabwe kuguma mu mazu. Ariko ikiringo bahawe gisa n’ikiriko kirarangira ngo basubire kandi gusa n’abidegemvya.

Ibihugu bimwe bimwe nk’Urwanda bikaba bimaze gushiraho amashirahamwe yatanguye gukora udufukamunwa dukozwe mu mpuzu dushobora gukoreshwa kenshi gashoboka, kuko udusanzwe tugurishwa mu mazu adandaza Imiti tuba tuzimvye kandi dukoreshwa mu mwanya muto.

Muri Congo ho abasanzwe bashona bakaba baronse akazi kuko utwo dufukamunwa twatanguye gukorwa ku bwinshi kandi turiko tugurishwa cane. Amategeko yasohotse muri ico gihugu avuga ko abanya Kinshasa basabwe kwambara utwo dufukamunwa imbere yuko basohoka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686