IKIRUNDI_news

Cristiano Ronaldo yahawe ikibanza c’umwami

Abakoresha urubuga rwa Instagram uno musi nta kindi barota atari ukuduza igitigiri c’ababakurikira, bamwe bamwe bakaba batareka kugura izindi mbuga, canke ngo bagure ababakurikirana, ubona ko rwanabaye urudandazwa rukomeye.

Cristiano Ronaldo nawe inyuma y’ugukwiza abantu 300,000,000 bamukurikirana kuri Instagram, yabaye umuntu wa mbere kw’isi akurikiranwa na benshi, uretse urubuga rwa Instagram ubwarwo rukurikirwa n’abarenga 380,000,000.

Urwo rubuga rwa Ronaldo rukaba rwungutse igice cabo muri uno mwaka wa 2020 mu gihe abandi babitse uduhamagazo twabo kuko ivyo bafotora, nk’indya bitari bigishoboka.

Amakuru dukesha ibinyamakuru vyo ku mugabane wa buraya yerekana ko uwo mukinyi w’umugwi wa Portugal uheruka gutsindwa n’ububirigi, asigaye ari no mu kibanza ca mbere mu basanzwe bakoresha urwo rubuga basaba amafaranga menshi kugira umenyekanishe ibintu ku rubuga rwiwe.

Cristiano akaba yaciye imbere abakinyi b’amareresi b’abanyamerika nka the Rock canke umuririmvyikazi Ariana Grande. Ubu uwo mukinyi akaba asaba amafaranga 1,600,00 $ (Yababa 4,800,000,000 Fbu) kugira ashireko ikintu cawe 1 ku rubuga rwiwe rwa Instagram . Ayo mahera akaba nayo yaraduze cane, kuko mu mwaka wa 2019, uwo mukinyi yasaba ayangana n’889,000$ (yababa 2,667,000,000 Fbu).

Ku rutonde rw’abantu 10 bakurikiranwa cane, Cristiano aza mu kibanza ca mbere, nayo Lionel Messi akaba aza mu kibanza ca 7, hagati yabo uko ari 2 hakaba hari abagore gusa barimwo Beyonce canke Kim Kardashian.

Ufatiye hamwe imbuga ngurukanabumenyi uwo mukinyi akoresha, nka Instagram, Facebook na Twitter, uwo mukinyi akaba akwiza abantu 550,000,000 bamukurikirana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037