BurundihomepageIKIRUNDI_newssociete

CVR: Abarundi bishwe bagatabwa mu binogo rusangi mu ntara ya Mwaro bagiye kumenyekana

Mu gitondo co kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 8 Nyakanga 2021, umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR watanguje ibikorwa bijanye no kurondera ahari ibinogo rusangi vyahambwemwo abarundi bishwe mu 1972 mu ntara ya Mwaro.

Ivyo bikorwa bikaba vyari vyitabwe n’abatari bake uhereye kuri Buramatari w’iyo ntara ya Mwaro, ba musitanteri, abakuru b’amazone hamwe n’abenegihugu bava ku mitumba itandukanye igize iyo ntara, bikaba vyatanguriye kw’ishure riri ku murwa mukuru wa zone Rusaka muri komine Makamba ahashoboye gufururwa ikinogo kimwe catawemwo abagandaguwe mu 1972.

Mw’ijambo ry’ikaze, Buramatari w’intara ya Mwaro yahamagariye abanyamwaro kwisanzura bagashikiriza uwo murwi CVR ivyo bazi vyabaye mu 1972, berekane atakangonongono ahantu hose bazi hari ibinogo rusangi vyatawemwo abishwe muri urwo rwimo.

Mu butumwa bwiwe, Ambassadeur Pierre Claver Ndayicariye aringoye uwo murwi CVR, amenyesha ko ukuri arikwo kwonyene kuzobohora imiryango kugira ngo ababikoze nibasezera isi ntibizokwitirirwe abana babo, abagore babo canke imiryango yabo.

Yaboneyeho kandi guhamagarira ababikoze bakiriho ko bokwitegurira gusaba ikigongwe Imana n’abo babikoreye gutyo babone kubohoka mu mitima yabo.

Nayo ku bantu bahora bibaza ngo ibisigarira vy’abantu uwo murwi umaze igihe werekana ko ngo vyoba arivyo bakura mu matongo y’abapfuye, Ambassadeur Pierre Claver Ndayicariye amenyesha ko bamaze kuvyumva baciye bahindura umukenyuro aho ubu ikinogo cemejwe ko cahambwemo abishwe muri urwo rwimo bacimba ari uko abantu bahari bakibonera n’amaso yabo ivyo basanzemwo, ari navyo vyabaye kuri ico kinogo kimwe bashoboye kwimba uwu musi.

Mwomenya ko ico gikorwa carangijwe no kwandika amazina y’abafise ico bazi kuri ubwo bwicanyi bw’agahomerabunwa bafise imyaka y’amavuka irenga mirongo itandatu bakazoza barahamagarwa n’abagize uwo murwi baza gushikiriza ukuri bazi babonye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718