Entertainment

D-one ngo ntivyokunda ko umwaka urangira ataco abahaye

 

D – one n’umuririmvyi w’umurundi avuka mu Kanyanza indirimbo ziwe zikaba zandika amateka.

Mu gukoresha impano yiwe yokuririmba vyatumye amenyekana cane ariko ngo yamana ubwoba bwejo hazoza hiwe nkuko yabicishije mu ndirimbo yiwe “Ubwoba”.

 

Muri iyo ndirimbo yaririmvye amaganya, ngo ukuntu yabiziga akiza mu muziki ngo siko yabisanze kuko ngo na bategura ibiteramo ntibamwerekwa.

Amarira yiwe bisa nkuko yumviwe kuko muri uno misi mu mpera z’umwaka 2022 D-one yarabonetse cane mu biteramo mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu

Ubu naho ngo ntiyoheza umwaka adahaye abakunzi biwe Ep yiwe izoba ibaye iyambere kuva atanguye kuririmba nayo akazoyishira ahabona igenekerezo rya 23 Kigarama 2022.

Indirimbo zizoba zigize Ep ntarashima kuzishira k’umugaragaro Tubandanye turindiriye isango yaduhaye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332