Entertainmenthomepage

D One n’umu Queen Video wo muri Amarira wiwe bavuzweko

 

Naho Drama T na Mow Kanzie bari bamaze Kabiri batatworoheye kubera indirimbo yabo nshasha, D One nawe yarayemwo, aho we atavuzwe mu rukundo n’umu Queen Video, ariko bavuzwe ku gishobora kuba ari umukenyuro wakoreshejwe ngo iyo ndirimbo izovugwe.

 

Inyuma ya Drama T yaramaze amasaha 48 anyiganza imitima ya benshi, D One nawe yashizemwo ukuboko, ubu niwe agezweho n’indirimbo yiwe nshasha yise amarira.
Naho atakoze nkivyo Drama T yakoze, ariko nawe asigaje duke ngo akwize Views 50,000 mu masaha 16 iyo ndirimbo yamaze isohotse.
Ababa 7000 babashije kugira Like, nayo ama Commentaire akaba arenga 1000 Kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube.
Abarundi nibo bayamaze ngo Nta mwonga ubura isato iba idahizwe, na D one nawe yatanguye kuvugisha abatari bake kubera ivyo babonye muri iyo ndirimbo.
Naho amasanamu n’amajwi ngo ari sawa, ariko umwigeme yabonetse muri ayo masanamu ngo ntivyari vyiza cane nkuko bamwe bamwe babibonenye babashije kubivuga.
Iyo ndirimbo ya D one ngo niyo ndirimbo ya mbere yabashije kubonekamwo umwigeme w’umu Queen Video afise Ibisusu vyashaje, kuko n’umushatsi ngo wari warasohotse uri hejuru, ivyo n’ivyashikirijwe n’umwe mu banyarusaku bacu Nelly Nat.
Abandi bo bakaba bibajije uko vyagenze, bakibaza nimba uwo muririmvyi na Management yiwe babuze amafaranga yo gukoresha umushatsi ngo uwo mwigeme ase neza, noneho amasanamu abe ari meza.
Abandi nabo bakaba bibajije ukuntu ikintu nkico gishobora gucika abantu batari bake babonetse mw’itunganywa ry’ayo masanamu. Abandi bo bakaba bibaza icoba cabaye, hakaba hanuganugwa ko ibura ry’amafaranga ryoba ari intandaro y’ivyo vyose.
Abandi bo bakaba baravye kure, aho bibajije nimba ukureka ico gisuko c’uwo mwigeme ngo ntigikorwe, utoba wabaye umukenyuro wabo kugira noneho niyasohoka, canke imbere Yuko isohoka ivugwe cane kugira bikunde bayitegurire inzira.
Ubwo rero bikaba bitoroshe gutora ukuri Kuri muri ivyo vyose vyobajijwe, kuko ata Numwe mu bavyibajije abifitiye inyishu.
Ikizwi gusa nuko uwo muririmvyi atazwiko gukoresha iyo mikenyuro, uretse gusa ko umwigeme Santa yahoze akorera Isaac Tv, yabaye umwe mu bamufashije cane kuvugwa kubera urukundo rwavuzwe hagati yabo. Urwo narwo rukaba rutaretse kuvugwa kuko yagumye ashindiriya Kandi vyavuzwe ko yamwankiye kumuha urukundo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722