homepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Daddy Face ngo Ado Josan niwe yari agakwiye

Ado Josan ngo niwe muririmvyi yakoze neza muri uno mwaka wa 2021 duheruka gusezera. Ivyo bishikirizwa na Daddy Face mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, Daddy Face akaba abona ko ari nka hamwe ahawe uburenganzira bwo guha umuririmvyi w’umu Diaspora agashimwe kuba yakoze neza, ngo Ado Josan niwe yari kugaha.

Daddy akaba avuga ko kuriwe yoraba n’uburyo Indirimbo yakunzwe, HHM nayo ikaba ariyo kubwiwe yakunzwe cane mu ndirimbo zakozwe muba Diaspora.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe hatariko havugwa rumwe k’uwari guhabwa agashimwe k’umu Diaspora yakoze neza, kuko mw’ihiganwa Platformshow awards 2021 ako gashimwe kahawe umuririmvyi Kebby Boy.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686