EntertainmentkirundiUncategorized

David Nduwimana na Israel Mbonyi ibi nivyo bagiye gukora muri Australia

Umuririmvyi David Nduwimana asanzwe aba muri Australie atako adakora kugira umuziki w’Uburundi ubandanye umenyekana mu makungu nkuko mwabibonye no mu ndirimbo yiwe yaririmbishije umuzungu ikirundi.

 

Ubu naho agomba azunguruke Australie yose arikumwe na Israel Mbonyi umuririmvyi wo mu gihugu c’u Rwanda ivyo biteramo bagiye gukora bikaba vyitiriwe “Rise and Shire Australia.

 

David Nduwimana na Israel Mbonyi bose basanzwe baririmba indirimbo zininahaza Imana.
David kubera ariwe asanzwe aba muri Australie niwe azokwakira Mbonyi ndetse akaba ari no mubatunganije ivyo biteramo mubisagara nka Brisbane, Sydney, Perth, Melbourne na Adelaide.

Amakuru dukura ku basanzwe bakurikirana ibikorwa vya David urutonde rwivyo biteramo bagiye gutangurira mu gisagara ca Sydney kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 nzero 2022.

Igisabwa ni ukudasiba kwirabire impano bahezagijwe n’Imana abo baririmvyi bompi kuva mu Burundi no mu rwanda ngo hazoba n’akabirya babateguriye karenze kukuntu mwari mu bamenyerewe mu biteramo vyabo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 578