Entertainmenthomepage

Davis Morales yifatiye B Kobra mugahanga KO Rap atayo azi

Zuguruzugu mu ba Rapeur turazimenyereye ariko iyi yo mu bigeme ije ari karenzo hagiye guca uwambaye hagati ya Davis na B kobra.

 

B kobra niwe mw’igeme yatanguye gufatisha mu mudiho wa Rap mu nyuma arahindura atangura no guhibongoza
aho nyene haciye haza uwundi muririmvyikazi azwi kw’izina rya Davis kundirimbo yagize Remix kyiooh benshi baramukunda baranamushigikira.

Bompi rero batumiwe mu giteramo kimwe kizohuriramwo aba Rapeur igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2023 hakazoba hari abakobwa 2 gusa mu bahungu benshi.

Mu gihe tukirindiriye isango Davis yanditse agira ati:”hari amakuru yuko ngiye guhurira kuri Stage n’uwiyita ngo ni Kobra none se ko agiye kuzohagirira ikibazo, nzotangurira kuriwe ndamuhane ndamwihanize, ndamwigishe Rap kuko wewe ivyo akora si Rap ni amangati uyo maze kumuhushura rero nzotumbera kuri twadusoresore utungorongoro,uda Face,utu love bose ndabahwatire hamwe ikitavuzwe co ni abazoba bavuye hakurya ya Kanyaru.”

Musomyi mwiza ugerageje gutahura ivyo yanditse gira icubwira Davis.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722