IKIRUNDI_news

Davy Carmel na Dj Ira, abarundi 2 babonetse muri Miss Rwanda 2021

Abarundi batari bake mu mahanga babandanya bakora ibikora inka mu bikorwa bitandukanye baba bariko barakora mu buzima bwa buri musi. Hampande y’abaheruka kwitoza ngo baje guserukira abandi mu nzego nkuru muri America, canke abaserukira abandi muri Canada, co kimwe n’abaserukira abandi muma commune mu bufaransa, no muri Afrika y’Ubuseruko abarundi babandanya bafata ikibanza ciza.

Mw’ihiganwa rya Miss Rwanda 2021, twari tumaze igihe kitari gito tumenyereye tubona umuhinga Dj Bisoso ariwe avuza umuziki muri iryo higanwa rikurikiranwa n’abatari bake kw’isi, ariko muri ino myaka nk’3 iheze hagiyeyo uwundi murundi, uwo nawe ni DJ Ira. Ubu akaba ariwe avuza umuziki muri iryo higanwa no bindi bikorwa bikomeye mu gihugu.

Hampande ya Dj Ira avuza umuziki, twasubiye kubona uwundi murundi nawe agize imisi yifashe neza muri ico gihugu, uwo nawe ni Davy Carmel aho yabonetse ari mu bashusharubanza bakunze rwita aba MC mu bikorwa nkivyo, akaba yabonetse arikumwe n’umwe mu bamenyeshamakuru nawe akomeye I Kigali, Lucky, hamwe n’uwundi mwigeme.

Davy akaba abonetse muri ico gikorwa inyuma y’aho agize igihe akunzwe cane muri ico gihugu kubera ibikorwa bitandukanye amaze imisi ariko arakora. Hampande y’inzu y’impuzu (DAVYK) asanzwe afise I Kigali, Davy umwuga wiwe wo kumenyeshamakuru ntiyawushize mu kabati, kuko mu myaka mike amaze I Kigali amaze gukorera ibinyamakuru bitari bike kandi bikomakomeye. Kimwe ni ikinyamakuru gisomwa mu ndege z’ishirahamwe Rwandair, Inzozi magazine, hamwe n’imboneshakure nkuru y’Urwanda, aho asanzwe akora ikiganiro Le Mirror kiri mu rurimi rw’igifaransa, akanavuga amakuru mu rurimi rw’igifaransa kuri iyo mboneshakure y’igihugu nyene.

Mwomenya ko abo barundi bose uko ari 2 bamaze imyaka itarenga 5 baba I Kigali. Imbere yaho, Davy akaba yakorera muri Bonesha Fm, nayo Dj Ira akaba yarakiri ku ntebe y’ishure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037