IKIRUNDI_news

Davy Carmel ngo asomye ivyo muri Saison ya 3 y’impanga, yaciye amerereza

Abarundi I Kigali bariko bakora ibikora inka si bake, ariko babiri bariko baboneka cane gusumba, na cane cane mu bijanye n’imyidagaduro, ni Fleury benshi bazi nka Legend hamwe n’umumenyeshamakuru Davy Carmel.

Ku musi w’ejo abo uko ari babiri bari abatumire mu kiganiro The choice ca Isibo Tv I Kigali mu Rwanda. Muri ico kiganiro, abo babiri bariko bavuga kuri Saison ya 3 y’iryo reresi Impanga risanzwe ricishwa kuri Youtube co kimwe no ku mboneshakure y’igihugu (RTV).

Muri ico kiyago, uko ari 2, bamenyesheje ko abantu bazotangazwa n’ivyo bazobona muri iryo reresi. Yaba Fleury ngo ariko arafatanya amasanamu {Montage}, ubona ko ari nawe anafata amasanamu ngo ivyo yabonye ntivyavyiza, kuko bwari uburyohe gusa.

Davy Carmel asanzwe anakinamwo kw’izina rya “James” yamenyesheje ko bakimuha impapuro z’ivyo azokina(Script) ngo ahejeje kubisoma, yumvise amerereje kubera ivyo ahejeje gusoma.

 

Agace ca 1 k’iyo saison ya 3 kakaba kashizwe ahabona ku musi w’ejo ku rubuga rwabo rwa Youtube, aho mu musi umwe gusa kamaze kurabwa incuro zirenga 77,000. Urwo rubuga rukaba rwari rumaze imisi rushirwako iyindi yabo nyene yitwa “Isi dutuyemwo” yari yatanguye gushirwa ahabona inyuma yo kurangira kwa Saison ya 2 y’Impanga.

Iyo film ikaba yatanguye kuboneka mu kwezi kwa 3 kw’umwaka wa 2020, ku rubuga rwa Youtube rw’iryo reresi hakaba habonekako Video 85, y’izo reresi 2 [Impanga n’Isi dutuye].

Impanga yandikwa n’umugore wa Fleury ari nawe mukinyi akomeye muriyo (Main Actor), aho akina ari ihasa (Impanga mu Kinyarwanda) ariko kandi akaba n’umukunzi wa  Davy Carmel (James muri iyo Film).

Ikindi nuko inzu isanzwe ihinyanyura iryo reresi ari BahAfrica Entertaiment isanzwe ifise mu minwe na Fleury n’umugore wiwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036