homepage

Diamond Platnumz nawe yagiye mu gitigiri c’abahojeje abanya Kenya

Mu butumwa yatanze, Diamond Platnumz yasavye abanya Kenya kwihangana, avuga ko Imana ibikunze bizogenda neza.

Hampande yabanyecubahiro batandukanye bateye ivyatsi igitero c’abihevyi ba El shabab cabereye mu gihugu ca Kenya kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 ruhuhuma, umuririmvyi Diamond wo muri Tanzania nawe yarabiteye ivyatsi yongera yihanganisha abanya Kenya.

Aciye ku rubuga rwiwe rwaw Instagram rukurikirwa n’abarenga 4,000,000 , Diamond akaba yabwiye abanya Kenya ko bari ku mutima, ngo amasengesho yose ari kuribo. Akaba yongeyeko ko Umukama azobandanya abagirira neza.

Maombi yangu yapo kwenu KENYA…Poleni sana na Inshaallah Mwenyez Mungu atawasimamia

Ivyo bitero bikaba bibaye mu gihe yaramaze imisi mikeyta avuye muri ici gihugu aharuramwo abakunzi b’ibikorwa vytiwe batari bake. Ico gihugu nyene akaba arico agiye gukuramwo umugeni kandi n’ugushoramwo amafaranga atari make biciye mu muziki nyene.

Gushika ubu hakaba hamaze kuvurwa abarenga 20 bitavye Imana, n’abandi batari bake bakomerekeye muri ico gitero cemewe n’abagizi ba nabi bakomoka mu muhari El Shabab ufise icicaro muri Somalia.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686