IKIRUNDI_news

Diamond Platnumz yaguze Rolls Royce inyuma ya Cadillac 2, harakurikira iki? 

Abarundi barayamaze ngo ico umwana w’umwami aririye arakironka, Nasibu yaraye ahaye abakunzi b’ibikorwa vyiwe ico bari barindiranye igishika cinshi gusumba ibindi. Ico naco n’imodoka yari yaravuzwe kuva mu mwaka wa 2017. 

Inyuma y’impari zitari nke zavuzwe ku modoka 2 zo mu bwoko bwa Cadillac zaguzwe n’uwo muririmvyi muri ino misi, aho bavuga ko zitari izo ku gwego rwiwe, ariko kandi ko zitari na nshasha, uwo muririmvyi ngo yamaze gushikana muri Tanzania iyo yari yaremeye.

Iyo Modoka n’iyo mu bwoko bwa Roll Royce, iyo nayo ikaba ari imwe mu modoka zizimvye zibarizwa kuri uno mubumbe w’abazima. Iyo modoka ikaba ikunze kuba ikimenyetso c’ubutunzi bw’abanyamafaranga batari bake haba muri Africa, I buraya co kimwe no ku mugabane wa Amerika.

Nkuko amakuru abandanya ashikirizwa n’ibinyamakuru bitandukanye muri Tanzania, uwo muririmvyi yaragize imisi abarizwa ku mugabane wa amerika, kuko ubu ngo yamaze kugaruka muri Tanzania, ngo yamaze kwururutsa iyo modoka yaje iri mw’ibarabara ry’ubururu.

Iyo modoka yo mu bwoko bwa Roll Royce yaguzwe n’uwo musore w’imyaka iri musi ya 35 y’amavuko, ikaba iri mu ziheruka gusohorwa n’urwo ruganda rukorera ku mugabane wa buraya. Iyo nayo ikaba ari Rolls Royce cullinan SUV 2021, ikaba ihagaze ku mafaranga y’amanyaburaya atari musi y’ 300,000 , arenga gato 1,200,000,000 y’amafaranga ya hano iwacu.

Uwo muririmvyi agiye kwerekeza muri Afrika y’epfo mu bikorwa yahamagawemwo na Netlix yo muri Afrika y’epfo akaba ashobora kuba agiye gukora nkuko yagize kuri izo modoka zindi zikomeye yaheruka kugura, aho bivugwa ko ashobora kuzogura n’iyindi igira kabiri ngo kugira afashe urugendo itazogenda ari imwe gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037