IKIRUNDI_news

Diamond Platnumz yashize amafaranga mu bijanye na Betting

Mu gihe azwi cane mu muziki, umuririmvyi Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz, yashize ahabona Company nshasha yamaze gushingwa, iyo nayo ikazoba ijanye n’ivy’uku Bettinga. 

Kuri uyu wa gatanu mu masaha yo mu gitondo, uwo muririmvyi w’umunya Tanzania yashize ahabona ku rubuga rwiwe rwa Instagram rukurikiranwa n’abarenga 13,000,000, izina na Logos y’iyo Company nshasha yiswe WASAFI BET, ije ikurikirana n’ibindi bikorwa bitari bike amaze gushiramwo amafaranga.

Nta wuramye neza uko izokora, nimba bazokora Betting ku mikino yose, canke bazokora kuyo muri Tanzania gusa. Nimba bazokorera Online gusa canke bazoba bafise n’ibiro, canke nimba izokoreshwa n’abari muri Tanzania gusa, canke n’abahandi nabo bazobasha gukoresha urwo rubuga rwabo rwa www.wasafibet.com.

Nasibu akaba atari iyo yonyene afise mu minwe kuko hariho izindi Company zizwi ko uwo muririmvyi afisemwo umutahe, zikaba ari Wasafi Media(irimwo ama TV na Radio), WCB(Records Label ifasha abaririmvyi), Zoom Extra (ikora amasanamu y’indirimbo), hamwe na Cheka Tuu(ikorana n’abasanzwe bafise ingabire yo gutwenza abantu).

Hampande y’izo zakoze vyiza hakaba hari n’izindi zitasubiriye kandi kuvugwa, zirimwo Diamond Karanga na Company yari yashinze yo kugurisha umuziki, ariko uno musi ikaba itakivugwa.

Uwo muririmvyi akaba aharurwa mu baririmvyi batunze cane muri Afrika y’ubuseruko, ariko kandi akaba anaharurwa mu baririmvyi bakora cane kandi adakinisha akazi kuko iwe ku kazi ngo imikino isigwa inyuma y’umuryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037