IKIRUNDI_news

Diamond Platnumz yatangaje benshi kuvyo yashikirije kuri Alikiba  

Uwokora kuri Alikiba ngo yogerekana na Diamond ubwiwe, ivyo n’ivyo uwo muririmvyi ubwiwe yabwiye ikinyamakuru co muri Tanzania, aho bariko baganira.

Mu gihe bizwi ko Diamond na Alikiba aho umwe aciye uwundi yihaturira, kandi ukwo kutumvikana kumaze igihe kitari gito, uwo muririmvyi wa Waaah, ngo ivyo bapfa na Alikiba canke uwundi wese ngo ntivyigera birenga muri Tanzania.

Ivyo akaba yavyishuye aho bariko bamubaza ko yoba yiyegereza abantu bavugwa nk’abansi bwiwe ngo bikunde ko abandanya yicira agafaranga ukuri kwamye.

Uwo muririmvyi akaba yababwiye ko ari ibisanzwe ko abantu batabona ibintu kumwe, ariko ngo bimaze kurenga noneho akabona umuntu atari muribo aje ashaka kutaraba ryiza umwe mu bavuga ururimi rw’igiswahiri yaba Alikiba canke uwundi,ngo uwo nawe ubwiwe ntamugera umutwe, kuko aba ateye umwe mu biwe. Ico kiyago akaba yakigiranye na Wasafi Tv, aho yari mu rubanza rw’umuhungu wa Irene Uwoya.

Mukamenya ko Diamond amaze kugerageza akatari gake gukorana na Alikiba haba mu biteramo, canke ibindi, ariko Alikiba akavyanka kuko avuga ko we adashaka gukorana n’inryarya, gutyo ngo umwe wese yokwisangiza akazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037