IKIRUNDI_news

Diamond Platnumz yoba yasubirije umwigeme Andrea Abraham n’uwundi mwigeme

Diamond Platnumz yerekanye uwundi mwigeme ku rubuga rwiwe rwa Instagram bituma abantu batangura kwibaza ko uwo mwigeme yoba ariwe basohokana muri ino misi.

Ku musi w’ejo aho Nasibu yariko ajaburira za miliyoni 12 zikurikirana urubuga rwiwe rwa Instagram ku ndirimbo imwe iri muri rwa rukurikirane, Swahili Nation, rugize imisi ruriko ruhinyanyurwa, habonetsemwo umwigeme w’umuzungu atari asanzwe azwi mu begereye uwo mwanditsi wa Waaah.

Uwo mwigeme akaba yaketswe kuba ariwe basigaye basohokana, ariko hakibazwa iyo Andrea Abraham nawe boba bamushize, mu gihe bizwi ko uwo mwigeme ariwe yaheruka kwemerwa na Nasibu ubwiwe ko basohokana.

Uwo mwigeme akaa gushika ubu ata wuramenya izina ryiwe, canke ico yoba akora mu buzima bwa misi yose. Ibinyamakuru vyo muri Tanzania vyabashije kugira ico bimuvuzeko, bikaba vyabandanije bivuga ko uwo mwigeme atazwi.

Mwomenya ko ayo bigina yose, bari muri ya modoka nayo itavugwako rumwe ku bijanye n’amafaranga yoba yaraguzwe, iyo nayo ikaba ari Cadillac Escalator Office imaze imisi mike yarinjijwe mu gitigiri c’imodoka uwo muhungu atunze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037