homepage

Diamond Platnumz yoba yateye inda umukunzi wiwe mushasha

Inyuma y’iyegezwa inyuma ry’ubukwe bwa Diamond Platnumz, ng’umukunzi wa Diamond yoba yibungenze.

Mu gihe aheruka gusivya ubugeni bwiwe, ngo kubera abatumire bamwe bamwe ata kanya bazoba bafise ngo bitabe ubutumire bwiwe, humvikanye iyindi nkuru nshasha ishobora kuba ari nziza kuri bamwe.

Tanasha umukunzi mushasha wa Diamond, ngo yoba yibungenze muri ino misi, ivyo bikaba biriko bivurwa bikuwe kw’ishusho uwo mugore yerekanye ku rubuga rwa Instagram rwiwe, aho yarafashe inda yiwe. Iyo ikaba yaboneka nkaho ari iy’uwibungenze.

Hakaba hamenyekanye urwo rukurukuru rw’iyo mbanyi yiwe mu gihe hariko havurwa ivy’ikiganiro agiye gutangura gukoresha muri Tanzania kuri Wasafi Tv, uwo bikaba vyavurwa ko azohora ava gukorera muri Kenya noneho akerekeza muri Tanzania gukora ico kiganiro.

Nka hamwe vyoba arivyo, uwo mwana wa Tanasha akaba azoba agize uwa kane, kuko Zari amufitiye 2 nayo Mobeto akaba afise uwundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686