homepage

Diamond yagaye inzego none ngo bamwatse uburenganzira bwo gukora ibiteramo

Igisata kijejwe kugenzura abanyabuhinga co mu gihugu ca Tanzania cahagarikiye Diamond na Rayvanny, ngo ntbakirekuriwe gukora igiteramo mu gihugu ca Tanzania canke inyuma yaco.

Amakuru dukesha umunyamabanga mukuru Waco mu kiganiro yagiranye naBongo5, bavuga ko bamuhagaritse mu kiringo kitaramenyekana uko kingana. Ivyo bikaba bifashwe uko inyuma ngo yahoo bamuyagishirije akatari gake ariko bakabona ataco ahindura, inyifato baneguye.

Bimwe muvyo ico gisata kimwagiriza harimwo ukuranza igitigiri c’ibiteramo yategerezwa gukora mw’isabukuru yitiriye Wasafi. Bakavuga ko yasabiye uruhusha ibibanza 5 mu gihe yakoze ibiteramo mu bibanza 7.

Aragirizwa kandi gukoresha amajambo y’ibitutsi ari kuri Podium aho yariko araririmba, aho bakavuga ko ngo yarenze amategeko agenga ico gisata ahurikiyemwo nawe nyene. Tukiri ku bitutsi, aranagirizwa kuririmba indirimbo zirimwo amajambo y’ibitutsi muri iryo sabukuru, zirimwo iziwe hamwe n’iz’abandi.

Ico gisata kikavuga ko  bamaze kubona uwo muririmvyi bamureze tambuka uz’ino kuko atazi gukurikiza ico baba bayaze. Ari naho hahavuye hava ugufata iyo ngingo y’ukumuhagarikira yaba iryo sabukuru hamwe n’ugukora ibiteramo.

Ico gisata kikavuga ko ukwo kumuhagarikira bishobora kumara ukwezi co kimwe n’uko bishobora kumara umwaka wose. Aho bakavuga ko ari ugushika babonye ko ingendo bipfuza ko afata ariyo ariko. Ivyo bikaba bishitse mu gihe indirimbo Mwanza nayo bari bayihagaritse mu binyamakuru kuko ngo idakwije ibisabwa n’amategeko kuko humvikanamwo amajambo y’ibiterasoni. Kuri iryo kosa akaba yari yiwe ihadabu ry’amafaranga 9,000,000 Tsh, yababa ayo nyene mu mafaranga y’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686