IKIRUNDI_news

Diamond yaguze imodoka ikorwa n’uruganda rukora iyirerura umukuru w’igihugu ca Amerika

Mu gihe vyavurwa ko yashaka kugura imodoka yo mu bwoko bwa Rolls Royce, Diamond yaguze iyikorwa n’uruganda rukora iyirerura umukuru w’igihugu ca amerika, Cadillac. Ariko impari zihari n’ukumenya amafaranga nyezina yoba yaguzwe.

Impari ni nyinshi ku gitigiri c’amafaranga Diamond yoba yaguze imodoka yo mu bwoko bwa Cadillac Escalator iheruka kwerekanwa n’abamwegereye, barimwo Zari bavyaranye, Esma [mushikiriwe], n’abandi batandukanye bamwegereye.

650,000$ niyo mafaranga avugwa n’abegereye Diamond Platnumz ko ariyo yaguzwe iyo modoka, ariko abandi babashije kugira ubushakashatsi kuri iyo modoka, berekana ko iyo modoka igurwa make cane ugereranije n’ayo abo kwa Diamond bashikirije.

Iyo modoka iharurwa mu zizimvye isi ifise, ikaba ishobora gukoreshwa nka Office aho umuntu ashobora gukoreramwo ata nkomanzi kuko ifise ibikenewe vyose ngo ikorerwemwo, ikaba iharurwa ku mafaranga ari hagati y’200,000$ n’350,000$. Ubwo rero amakenga akaba ari menshi ku giciro nyezina iyo modoka ishobora kuba yaguzwe.

Iyo modoka ikaba ikorwa n’uruganda rumwe n’imodoka irerura umukuru w’igihugu ca amerika Cadillac one izwi cane kw’izina rya “Beats”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037