IKIRUNDI_news

Diamond yahakanye ikibanza yahawe na Forbes mu baririmvyi batunze

Uko umwaka uhera, ikinyamakuru Forbes c’abanyamerika cama gishira ahabona urutonde rw’abantu ba mbere bafise amafaranga menshi kw’isi. Si kw’isi gusa, kuko urwo rutonde ruranakorwa hano iwacu muri Afrika

Mu rutonde ruheruka gusohoka, Nasibu batazira Diamond Platnumz yashizwe mu kibanza ca 20 n’ubutunzi bungana n’imiliyoni 5 z’ama Dollard ( 5M$ ), ico kibanza uwo muririmvyi akaba atakiryoherewe nkuko aheruka kuvyerekana ku rubuga rwiwe rwa Instagram

Uwo muririmvyi aheruka muri Afrika y’epfo gushira umukono ku masezerano hagati ya Wasafi na Label ikomeye muri ico gihugu, Warner Mus. yasavye Forbes ko hanyuma bagira bamushire kuri urwo rutonde ngo bobanza bagakora amatohoza akomeye

Ico kinyamakuru kikaba cavuze amafaranga yaheruka kuvugwa n’ikinyamakuru CNN haraheze igihe kitari gito, aho n’inyuma y’aho akoraniye amasezerano n’amashirahamwe akomakomeye nka Itel, Mziiki hamwe n’iyo yo muri Afrika y’epfo Warner Mus

Mwomenya ko bivurwa ko Diamond ashobora kuba abarizwa mu baririmvyi 10 ba mbere muri Africa batunze cane, nayo muri Afrikca y’ubuseruko ho ngo nta numwe amukoreramwo, mu gihe Forbes iheruka kwerekana ko Bobi Wines ariwe wa mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037