BDUSADiaspora Organizationsdiaspora promotedDiplomacykirundiUSA

#Diaspora| Ibihano vyari vyafatiwe Samuel Ndayiragije na BDUSA vyakuweho

Inyuma yaho ishirahamwe rihurikiyemwo abarundi benshi baba ku mugabane wa America BDUSA(Burundian Diaspora In Usa) rishoboye kwitunganya neza, rikarengera ibibazo bibugarije, rigatunganya amatora adakumira, ubuserukizi bwa Diaspora y’Uburundi kw’isi yose mu ku bakeza bwabakuyeko ibihano bari bashizweko vyo kubataramura muri uwo mu ryango wagutse.

 

Mw’ikete  numero Ref.24/PR-DB/21 umukuru w’Abarundi baba mu mahanga Japhet Legentil Ndayishimiye yashize ahabona agira ati:”Twihweje ugukorana neza hagati y’abarundi baba muri America, na cane cane inyuma yaho hibonekeje ukutabona kumwe hagati y’abanywanyi n’abarundi bamwe bamwe,dufatiye kandi ko:

Twabandikiye amakete menshi tubereka ingene mwotorera inyishu  ingorane zariho, ko Ubuserukizi bwa leta y’Uburundi bwabafashije bikananirana, Ubucamanza bwa America bukabafasha bikanirana,Umurwi w’abahuza washizweho bikananirana, mu nyuma umukuru w’abarundi aragerageza ku bahuza ubwiwe,

Vyibonekeje ko amatora yuguruwe kuri bose ariwo muti usigaye, ayo matora nayo akisunga ikete  twabandikiye numero Ref. 189/PR-DB/2020ryo kuwa 11 kigarama 2020,

turavye ko amatora yatunganijwe kandi yitabwe n’abarundi 626 kandi hakaba hitoje abava ku mpande zose ku rugero rushimishije, n’itariki ikigizwa inyuma kugira hatagira urwitwazo,

Twisunze ingingo ya 17 agace a. k’amategeko Diaspora igenderako, n’iya 9 aga sitari kanyuma aha umukuru w’abarundi uburenganzira bwo guserukira abarundi baba mu mahanga,

Twisunze kandi ko abavyifuza bitoreye indongozi,

Dufashe ingingo zikurikira:

Ingingo ya1 Dusubije BDUSA uburenganzira bwo guserukira abarundi baba muri Amerika.

Ingingo ya2 Samuel Ndayiragije aragenywe guserukira BDUSA nkuko yitorewe n’abarundi baba muri America,

Ingingo ya3 Samuel Ndayiragije asabwe gushiraha komite imufasha yisunze amatora yabaye hamwe n’amategeko abagenga.

Ingingo ya3

a)Samuel Ndayiragije:  asabwe kworohereza no gukorana n’Ubuserukizi bw’Uburundi mu migambi ya Leta Mvyeyi, Leta Nkozi mu kuva mu majambo bakaja mu bikorwa bihesha icubahiro igihugu c’amavukiro.

b)Gukora mu ntumbero yo gukomeza ubumwe n’Urukundo kuri bose,abamutoye n’abatamutoye mu kurindira amatora akurikira.

Ayandi mategeko yose yari yashizweho asubirijwe n’iyi ngingo kuva kuri iyi talike ashiriweko igikumu,

Bikorewe mu bwami bwa Norveje,11 Ntwarante 2021, vyatweko igikumu n’uwuserukira abarundi baba mu mahanga umushingatahe Japhet Legentil Ndayishimiye.

 Bikaba bishikirijwe na Indundi Magazine mu gisata cayo ca Diaspora News.

Mwomenya ko atari mu buserukizi bw’abarundi kw’isi yose bakeje BDUSA na Samuel Ndayiragije gusa, kuko n’ubuserukizi bw’abarundi baba muri Australia bahurikiye mw’ishirahamwe BDA(Burundian Diaspora in Australia) barungitse ubutumwa bwo ku bakeza.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 472