BurundiDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promoteddiaspora youthfeatured diasporaWorld News

#Diaspora| Kurondera abafatanya bikorwa niwo mwitwarriko w’abarundi baba mu Butariano

Umwitwrariko w’ambere w’abarundi baba i Roma ngo ni ukurondera abafatanya bikorwa bazana imitahe yabo hano mu gihugu cacu, na cane cane mu gisata c’uburimyi n’ubworozi.

Mu ntumbero yo gushitsa icifuzo nyamukuru ca Diaspora y’Uburundi co gushigikira benewabo basize mu gihugu, abarundi baba mu Butariyano bafadikanije n’ubuserukizi bw’ Uburundi i Roma bakaba bakora ukwo bashoboye mu kwimvisha aba nyamitahe b’aba Tariyano kuyizana hano mu gihugu cacu, na cane cane mu gisata c’uburimyi n’ubworozi vya kijambere, hakaba ari mu mugambi bise “Kaze Burundi”.

Akarorero ka hafi akaba ari ak’ igokorwa abo barundi bakoranye na Ambassade y’Uburundi i Roma iserukiwe na Ambassadeur Esprance Ndayizye, aho bagendeye abarimyi borozi bo mu Ntara ya Sandrio, ndetse  banagendera amahinguriro y’ivyimburwa  nay’ amata.

Bakaba bavuyeho bumvikanye ko bagiye guhana hana ibidandazwa, n’ubumenyi muri ivyo bisata vyompi. Uwo mu banona ukaba wabaye mu mpera za Mukakaro wavuyemwo ubucuti budasanzwe, aho intara ya Sondrio igiye gukorana n’igihugu cacu mu guteza imbere uburimyi n’ubworozi, nayo ibidandazwa bivuye murivyo bisata bikazoshorwa mu Butariano biboroheye,hadashizwe inyuma ko ba urwaruka rw’u Burundi Ruzohabwa inyigisho i Sondrio.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 316