Burundi-Gospeldiaspora musickirundiUncategorized

#diaspora News| Faraja Deogratias ati biragoye kubera n’ururimi si rumwe

 Faraja n’umuririmvyikazi aririmba indirimbo zihayagiza Imana aba Phoenix Arizona, muri Leta zunze Ubumwe z’ Amerika yavukiye mu Gihugu ça Congo yarukira muri Tanzania nayo amamuko yiwe akaba ari mu Burundi akana ari naho se asanzwe yamuka.

 

yatanguye kuririmba kuva akiri umwana muri Sunday school ariko akaba yaje kubifata nk’umwuga kuva 2018.

Afise indirimbo 9, hambavu y’ukuririmba asanzwe ari n’umwigisha yigisha icongereza biciye kuri you tube.

Faraja akaba aheruka mu Burundi mu mwaka wa 2008 akabayifuza kugaruka mu gihugu 2022 hamwe atacohinduka na cane cane ibibazo vya cakiza cugarije isi(Corona)

 

Ingorane ngo bahura nazo mu gukora umuziki bari mu mahanga ni  nko kwimenyekanisha birabagora kuko n’ururimi baririmbamwo batarwumvikanako.

Abakunzi biwe arabizeza ko vuba agiye kubaha urukurikirane rw’indirimbo nshasha akanabasaba kubandanya bamushigikira you tube akoresha izina rya Faraja Deogratias (subscribe,  share na comments) akaba arivyo abasaba kugira mumukurikirane ku mbuga ngurukana bumenyi    Facebook na Instagram.  Akarangiza ashimira abakunzi biwe n’abarundi muri rusangi ko abakunda cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 495