BurundiCooperationDevelopmentDiasporaDiaspora Organizationsdiaspora youthEconomyEducationEntertainmentfeatured diasporaFinances

#diaspora|Ibisagara vya GITEGA na BUJUMBURA MAIRIE nivyo vyagomwe ngo vyubakwemwo uburaro bwiza

Mu gihe hano mu gihugu cacu hacibonekeza ikibazo c’uburaro bwiza ndetse n’ubuhari bukaba budashemeye kandi butajanye n’ibihe tugezemwo, na cane cane ivyo bikibonekeza mu ma karitiye ahanamiye ibisagara vya Bujumbura na Gitega, muri Diaspora hoho umutima uterera gutara inyishu.


Inzu za kijambere zubatse kubuhinga buhanitse ziri hagati y’amajana atatu n’amajana atanu(300-500) nizo zitegekanijwe kuzokwubakwa mu ntago y’umugambi w’ukwiyubakira uburaro bwiza zikazoshirwa mu bisagara vya Gitega na Bujumbura.

Abarundi baba mu makungu bamaze gutahura ko imvo nyamukuru yatumye bava mu gihugu yari ibibazo bihanze ingo n’imiryango, nayo iyo bagiye bakaba bahaboneye ibihe vyiza, indoto zabo akaba aruko ivyo bihe vyiza barimwo bobisangiza incuti n’imiryango basize iwabo.
Abo barundi bakaba bafashe inzira yo kuja hamwe mu ntumbero yo gushira inguvu zabo hamwe, bagukorera hamwe, kuburyo izo nguvu zizoshika hano iwacu zigirira akamaro abarundi benewabo basize mu bwa Nyaburunga.

Ubwo buryo bukaba buzogaburwa mu migambi itatu, uwu musi tukaba twashimye kuganira ku mugambi w’Uburaro bwiza aho abo barundi bategekanya kwubaka ama centre abatiririrwa (The intrnational Centre of Burundian Diaspora).
Murayo mazu ategekanijwe kwubakwa arimwo amazu  muri kino gihe ameze nk’umuzi wibuye hano iwacu, aho twovuga nk’inzu ndanga mico yo gukoreramwo ibiteramo ishobora kwicarika abantu bashika ku 1000, inzu zishora kwicarika kandi abantu bashika ku 1000 bari mu manza y’ubukwe,ubugeni, ama nama n’ibindi.

Inzu zo gusomeramwo ibitabo, inzu zibarizwamwo ubuhinga bwa none (informatique) , ibibanza bikorerwamwo ubushakashatsi, amashure n’ibindi,…
Akenshi iyo baje mu gihugu cabo c’amavukiro bazanana n’abashitsi basanze n’ikibazo c’uburaro bukwiye kandi buri kurugero mpuzamahanga atari ikirenga, arinayo mpamvu biyumviriye kwubaka ama hotel agezweho ,ashobora kwakira ba mukerarugendo benshi kugeza kuvyumba 100, arimwo ubuhingangurukanabumenyi akanakora amasaha 24 kuri 24 kandi misi yose.  Hakazokwubakwa inzu z’uburiro n’ubunwero zigezweho zishobora kwakira abantu bagera 1000, ibibanza vy’inkino, kwinezereza no kuryohera ibibondo(Games area for Children).

Kubwa Japhet Legentil aramutswa abarundi baba mumahanga(Diaspora Burundaise) ngo ivyo n’ibindi vyinshi birashoboka mu gihe hoba ubumwe bw’intamenwa hagati y’ishirahamwe ry’abarundi baba hanze y’igihugu hamwe n’abatware b’iigihugu bavukamwo.

Mu makuru yacu yaheruka tukaba twari twabayagiye ibijanye n’umugambi w’uburimyi n,ubworozi, nayo muyo hanyuma tukazorabira hamwe umugambi w’ukwiyubakira i Bitaro.

Mwomenya ko abarundi bababarizwa ku mugabane wa America,Europe, Australia na Asia babarizwa hagati y’ibihumbi mirongo umunani n’ibihumbi ijana( 80.000, 100.000), nayo igice c’umurioni (500.000)w’abandi bakaba babarizwa ku mugabane wa Africa.

Ibigiye Inama bigira Imana, ubumwe bwabarundi nibwo bukiriro, ni nabwo buraro, ni nabwo buramuko, mushaka kumenya uko uwo mugambi uteguye mu ntumbero yo kumenya vyinshi ni hano nyene

What's your reaction?

Related Posts

1 of 611