IKIRUNDI_news

#Diouf: Vyari biteye agahinda mu kumusezera iryanyuma

Kuri uyu wa kane niho umuririmvyi Bucumi Musa azwi kw’izina rya Diouf yashingurwana iteka .

Ishirahamwe ry’abaririmvyi riramutswa Romeo ryakoze ibishoboka vyose kugira afubanwe iteka.

Ukwemera kwiwe kwari mw’idini rya Islam, ivyahakorerwa mu kumuhezagira ntivyari vyoroshe ariko vyasaba kw’ihangana kuko umwe wese afise ukwizera kwiwe ngaha kw’isi.

Amasaha yarategekanijwe kwagirirwa igisabisho yarenzweko ku mpamvu zitabavuyeko, nubwo vyabaye uko bahavuye baja ku mushingurana iteka mw’itongo ry’abapfuye ku mpanga

Abaririmvyi nka Masterland ,Silas Damara,Bechou,Frank Duniani,Jadix……n’abandi baribaje kw’ifatanya n’umuryango wiwe.

Twibukanye ko Diouf yavukiye Mu ntara ya Ngozi, akaba yasize abana 3 abahungu 2 n’umukobwa 1.

Ikigandaro bakaba bamenyesheje ko kizobandanyiriza I Ngozi Aho asanzwe avuka.

Indundi Magazine ikaba ibandanya guhoza umuryango wabuze n’abaririmvyi b ‘abarundi muri rusangi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037