IKIRUNDI_news

Dj Jackson yagarutse ku kibazo cavuzwe hagati ya Kidum na Esther Nish

Bukiv Label ngo nta kibazo na kimwe bazogirana n’abakoranye na Esther Nish imbere yuko batangura gukorana, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Dj Jackson asanzwe ariwe ariko akorana na Esther nish muri kino gihe, mu kiganiro yakoranye n’imwe mu nsamirizi za hano iwacu.

Mu kiganiro baheruka gukorera mu nsamirizi RFM, bamubajije kandi ku bijanye n’icatumye indirimbo Umbamwo ya Esther Nish itaboneka ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyikazi, noneho avuga ko hari akabazo kari kahabaye, ariko ngo bashobora kuba barahejeje ikibazo cari gihari.

Muri ico kiganiro nyene aho bariko bashira ahabona akaririmbo ka mbere Bukiv ikoranye na Stikk, babajije abo muri Bukiv nimba bafise ubushobozi bwo gukorana n’abaririmvyi babiri, ku buryo uwa mbere ata kibazo agira.  Uwo mutware wa Bukiv yavuze ko ata kibazo na kimwe kizoba.

Mwomenya ko muri ico kiganiro yavuze ko umuririmvyi babanza gukorana ikiringo bakiriko barapimana imbere yuko bakora amasezerano, akaba avuga ko Nish we yamaze gukorana amasezerano nabo, bishoboka ko Stikk we ari mu gihe co kumupima, kuko ntaco yabashije kubishikirizako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,019