BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduro

Dj Theo ngo abaririmvyi b’abarundi nibo batabishaka ariko barabishoboye

Ibikorwa n’abaririmvyi bo muri kano karere ngo nta gikomeye kirimwo, ivyo bisikirizwa na DJ Theo, asanzwe ari umwe mu bamenyeshamakuru b’abarundi bakorera ibikorwa vyabo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Mu kiganiro Theo yagiranye na Spok’s, aho uwo mumenyeshamakuru yagira urugendo muri ico gihugu, bagarutse ku bikorwa vy’abaririmvyi b’abarundi, co kimwe n’abanyarwanda.

Kubwa Theo ngo abaririmvyi b’abanyarwanda bageze kure cane, ariko abarundi nabo ngo bafise ingabire ata bandi bayifise muri Afrika y’ubuseruko.

Theo abona ko ikibuze hano iwacu ngo ari ukumenya kwidandaza, hamwe n’ukwidoga gukomeye kurangwa mu baririmvyi. Theo akaba ahanura abaririmvyi gukora, bahagarike kwidoga, ariko kandi ngo bamenye kwidandaza kuko bidashoboka ko umuririmvyi ashobora kubura amafaranga na makeya yo kuja gukorera hanze mu kiringo c’umwaka wose.

Uwo mumenyeshamakuru amaze gukorera imboneshakure 2 muri ico gihugu, akaba abona ko ivyo bikorwa n’aba Tanzania nka Diamond canke abanyarwanda ngo n’abaririmvyi b’abarundi nka Big Fizzo babishoboye ariko kubwiwe ngo ntavyo bashaka.

Uwo mumenyeshamakuru akaba anababazwa n’ukubona indirimbo za Sat-b ngo zitavuzwa i Kigali kandi yarahabaye. Kuba zitavuzwa, ngo ikosa akaba arishira kuri Sat-b.

Theo akaba ataretse kuvuga ko umuziki w’abarundi utavuzwa cane i Kigali, ariko ngo hari abo indirimbo zabo zamenyekanye cane, aho ni nka Yooh ya Treyzo na Rapboy n’izindi.

Mwomenya ko ikiganiro Dj Theo yakorera kuri Tele Renaissance agikorera hano iwacu arico yabandanije akora kuri izo mboneshakure i Kigali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717