homepage

Don Brighter ngo yasohoye Hit 2, zirimwo iyo yakoranye na Amber Lulu

Indirimbo 2 za Don Brighter zashizwe ahabona. Aho we avuga ko ari Hit yasohoye, murizo akaba yakoranye n’abarundi co kimwe n’umunya Tanzaniyakazi.

Inyuma y’indirimbo Abatovyi ya Don Brighter na Kidum yavugishije benshi, hamwe na Fire nayo yifashe neza Ku rubuga rwa YouTube rw’uwo muririmvyi, ubu naho uwo muririmvyi yashize ahabona indirimbo 2 icarimwe.

Imwe muri izo ndirimbo ni Nionyeshe yakoranye n’umuririmvyikazi wo mu gihugu ca Tanzania, Amber Lulu nawe yifashe neza muri kino gihe mu muziki muri Tanzania. Ako karirimbo ni nako konyene kasohorewe amasanamu, eka ni nako ka 1 kasohotse.

Fyonda aha ubone Nionyeshe by Don Brighter ft Amber Lulu

Akandi karirimbo kasohotse n’akaririmbo Sema Nao kasohotse inyuma y’amasaha 6 gusa ako karirimbo yakoranye n’uwo mutanzaniya gasohotse. Muriko naho nyene ntiyatamvye yirorera kuko yarikumwe n’abaririmvyi b’abarundi, Double Jay hamwe na Franck Duniano. Ariko ako ko kakaba kasohorewe amajwi gusa ariko nta masanamu yako yabonetse.

Abaririmvyi ndundi basanzwe baba mu mahanga, cane cane muri leta zunze ubumwe za amerika, bakaba basanzwe bakunda gukoresha umukenyuro wo gukorera amasanamu y’indirimbo zabo hano, noneho bakayasohora buke buke.

Mwokwibuka ko Don ari mu barundi baheruka mu gihugu my karuhuko mu mezi aheze, ari naho yanakubitiye mu gihugu ca Tanzania, akahakorera iyo ndirimbo yakoranye na Amber Lulu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686