IKIRUNDI_news

#Double Jay: Raba ivyiza yungutse Inyuma yo gutahukana Isanganiro Award

Ni ku ncuro y’icenda(9em édition)Radio Isanganiro itunganya ihiganwa ry’itiriwe (Isanganiro award)Aho batora ururirimbo ruzoharirwa umwaka.

 

 

Abaririmvyi nka Rally Joe,Yoya,Mkombozi,N John,Bernise the bell n’abandi…..
Nibo bamaze gutahukana agashimwe muri ryo higanwa usanga ritoroshe kuko hatorwa indirimbo nziza zashimwe uwo mwaka zikaja mw’ihiganwa.
Mu mpera zaryo ico bita (final) haba habonetsemwo cumi z’abaririmvyi cumi baje kw’isonga.

Mbaye nk’abandi ngo ubutigu buba bugeze, biba bisaba ko utorwa n’abakunzi bawe biciye k’ubutumwa (Sms).

Uko imyaka yagiye irakurakurana uwutowe ko ari uwa 1 ntihabura abidoga kwatarakwiye ariko bitobuza ko ihiganwa ribandanya kuko ngo burya haburana ba 2 hagatsinda umwe.

Ya myidogo n’uyu mwaka ntiyasivye amajambo menshi yaravuzwe ngo Double Jay ku ndirimbo yiwe” Nopfa” yatahukanye ikibanza ca 1 abavyanse baruhiye ku vyemera
kuko ntawubuza imvura kurwa.

kuvuzwa umwaka wose kuri Radio Isanganiro,kumanika ifoto yawe kw’irembo ry’iradio ,kushigikirwa mu bikorwa vyawe imyaka yawe yose niyo mahirwe agirirwa uwatahukanye Isanganiro Award biciwe kw ‘iyo radio.

Hagati yaho hariko nibindi bintu vyagaciro baha umuririmvyi badashima gushira ku mugaragaro ariko bikaba vyemezwa na bamwe mubaririmvyi bamaze gutahukana ako gashimwe.
Double Jay akaba yahawe ubushimwe butari buke umusi atsinda iryo higanwa harimwo n’inanga y ikizungu (Piano).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037