IKIRUNDI_news

Drama t akunda indirimbo za Harmonize ariko akaba yohitamwo Diamond

Drama t mu kiyago yagiranye n’abafana biwe, bamubajije hagati ya Diamond na Harmonize uwo yohitamwo, naho batamubwiye ico yorabirako.

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko abakunda bose naho akunda indirimbo za Harmonize cane, ariko ngo uwomuhitishamwo ngo siwe yocagura.

T akaba yanishuye uwaramubajije abaririmvyi yipfuza gukorana nawe Indirimbo muri Afrika, Aho yishuye abaririmvyi 5 barimwo Sautisol, Ruger, Rema co kimwe na gyakie.

Mwokwibuka ko Drama t aheruka gushira ahabona Indirimbo zitari nke ziri muri EP yise the Revolution Rose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036