IKIRUNDI_news

Drama T ngo ivyawe vyama arivyawe, ariko biza igihe kigeze

Ukubura ikibanza muri bamwe 5 bari mu gice ca nyuma c’iryo higanwa, Drama T ntibimuca intege kuko abona ko igihe kigeze azotwara n’ibiruta ivyo.

Inyuma y’ukubura itike imushikana mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Tagata na Primustar, umuririmvyi Drama T yagize ico ashikiriza ku bamubaye hafi muri iryo higanwa risa n’irigeze ku musozo.

Yagizer ati : “Nagira mfate akanya nshimire buri muntu wese yagize ico amfashije kuva Primustar itanguye gushika aho nahereje Mwarakoze cane naraboyeico mumaze mu buzima bwanje. Imana igume ibandindira.” 

Muri ubwo butumwa, uwo muririmvyi avuga ko ikintu kitari icawe ngo ntaco ukoza mu ntoke, ariko kandi ngo iyo ico kintu nyene kiba aricawe ariko hataragera ko ugishira mu ntoke, naho nyene ngo kiguca mu mwanya y’intoke. “Ikintu cawe kizokwama aricawe kandi mu mwanya Waco!!!

Igihe uzobona ubuze ivyo wari witeze kuronka, umenye ko ivyo bintu bitari ivyawe canke umwanya wavyo utar bwagere.”

Uwo muririmvyi akizeza abakunzi b’ibikorwa vyiwe n’abamukurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi akoresha ko n’ibindi bitari ivyo bazobimushitsako, ariko akabasaba kubandanya mu rukundo. “Tubandanye uko nyene MURUKUNDO rumwe n’ibindi muzobinshikanako.”

Drama t muri iryo higanwa akaba yarikumwe na Double jay basanzwe barikumwe muri Bantu Bwoy imbere yuko akinjura. Abo uko ari 2 bakaba aribo basezerewe muri 7 bari bashitse mu gice ca 2 gishira ica nyuma c’iryo higanwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037