Entertainmenthomepage

Drama T yagirijwe kwonona amafaranga kuko yayaronse atarushe.

1/3 c’amafaranga yokoze amasanamu y’indirimbo, n’iyo mafaranga Drama T aheruka guhombera muri wa mukino w’umupira w’amaguru wahuza Real Madrid na Man City.

Mu makuru twaheruka kubashikiriza twari twababwiye ko Alvin Smith yahomvye amafaranga 10,000 vyiyongereye ku yandi ashika 40,000, aca akuramwo urubuga rwa 1xbet yarasanzwe akoresha muri Betting, Heri we ibintu biri ku rundi rwego.

Muri rirya joro nyene, Drama T yararize umwosori uramurenga, yibutse amafaranga ahomvye kubera uwo mugwi akunda Real Madrid watsinzwe.
Nkuko twabashije kubibona ku babashije kubifata, uwo muririmvyi ngo yahomvye amafaranga angana n’1,000,000 uwo musi. Nawe nyene, co kimwe na Alvin Smith akaba yaciye arahira ko atazopfa asubiriye Kandi gukina ako kamari.
Uwo musore akaba abaye uwa 2 amenyekanye ko yabashije gushira amafaranga angana uko muri Betting ku rukino rumwe. Ariko uwundi we vyamenyekanye akaba yarabashije kugarura ayo yari yashize muri uwo mukino.

Naho Drama T we vyarangiye, abatari bake ku rubuga rwa Facebook akaba barahiye bararengwa ko ivyo atarivyo na gato.
Kubw’abo babashije kugira ico bashikiriza Kuri iyo nkuru, bakaba bavuga ko bitokunda ko uwo muririmvyi ashira amafaranga angana uko muri Betting.
Bamwe muribo bakaba banasavye ko nimba bishoboka bahabwe ivyemezo vy’uko uwo musore yabashije gukinisha ayo mafaranga.

Muvyemezo basavye harimwo Facture canke Screenshot ya Paris yakoze nka kurya Alvin yabikoze ku rubuga rwiwe rwa Instagram.
Abandi bo bakaba bagiye kure bavuga ko uwo Musore ico yakoze ngo n’ububeshi, ico yashatse ngo n’ukugira babe baravugwa nta kindi we yashatse, kuko yimirije kuja mu gihugu c’Ububirigi.
Uwitwa Grace Uwase, akaba yanditse agira ati :” OMG, aha ashaka abe aravugwa kubera agira aje mu bubirigi, nta 1 million Drama T yoshira mu mupira ngo bet. I’m Sure 1000%”
Nayo uwitwa Alaine nishimwe we akaba yamenyesheje ko ngo ico uwo muririmvyi yakoze ngo n’ukuyagabanya kuko amafaranga ngo yabaye menshi. Nayo Darcy we akaba yavuze ko amafaranga y’abana ari uko akora.

Abandi n’abo bakaba bamwagiriza kutaraba neza ngo agire ico ahaye abandi bafise ibibazo, ariko agaca aja kuyaha umuzungu we asanzwe anafise ngo menshi cane kumusumvya.

Uwitwa Janvier Martinez yanditse agira ati :” nibutse abakenewe gufashwa basegerereza uko bangana, ugaca uyaha umuzungu ayafise kukurusha pole Sana.”
Uwundi nawe akaba yagirije Drama T gushaka kuronka kwinjiza amafaranga menshi atavunitse Kandi mu mwanya muto, aho yamuciriye umugani amubwira A
ati :” Nkunda kurya yariye igifyera kimumena itama, pole Sana Drama t, wafanye nabi.” Nayo uwundi amubwira ngo :” Nuko Sha yayaronse atamuvunye.”
Impanuro zabandanije ziba nyinshi, kuko hari n’uwamusavye kuguma mu Muziki akihoza ibijanye na Betting, Itangishaka yanditse agira ati :” Ugenda utabaza ugasaza utamenye, narekane na Bool abandanye Music.”

Ibi bikaba bimenyekanye mu gihe hasigaye imisi iharugwa ku ntoke ngo yerekeze mu Bubirigi aho afise igiteramo, ariko Kandi Kuri uyu wa mungu, Manager wiwe ariwe Dj Paulin akaba we azoba afashe iyihuta yerekeza muri ico gihugu, aho ngo azoba agiye kuba aramutegurira uko ibintu bizogenda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722